Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ariko benshi mu bumvise iryo jambo barizera, igitigiri c’abagabo gishika nk’ibihumbi bitanu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 4:4
10 Iomraidhean Croise  

Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Bamwe bemera ivyo ababariye, abandi banka kuvyizera.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan