Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 4:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Ariko Petero na Yohana barabishura bati: “Mbega mubona ko ikibereye imbere y’Imana, ari ukwubaha mwebwe gusumba kuyubaha?

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Petero na Yohana barabishura, bati Namb’ ari vyiza mu nyonga z’Imana kubumvira kubarutisha Imana, ni mubitandukanye:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 4:19
30 Iomraidhean Croise  

Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”


Yesu abarira Petero na Yohana ati: “Nimugende mudutegurire ivyokurya vya Pasika.”


Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Petero n’izindi ntumwa barishura bati: “Dutegerezwa kwubaha Imana kuruta abantu!


Ndababwira nk’abafise ugutahura. Nimurabe mwebwe nyene ko ivyo ndababwira atari ukuri.


Ariko twahevye ibiterasoni vyose twakora twinyegeje; ntidukoresha ubugunge, ntitugoramika ijambo ry’Imana. Ahubwo tuvugira ukuri ahabona, kugira ngo abantu bamenye abo turi imbere y’Imana.


Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye.


Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana yo mukiza wacu,


Ukwizera ni kwo kwatumye abavyeyi ba Mose bamunyegeza amezi atatu amaze kuvuka, kuko babonye ko ari umwana adasanzwe, ntibatinya kurenga itegeko ry’umwami.


mbega ntimuba mwiciyemwo ibice hagati yanyu kandi mugaca imanza mufise intumbero mbi?


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan