9 Abantu bose bamubonye agendagenda ashima Imana,
9 abantu bose babona atambuka ahimbaza Imana,
Avuze ivyo, abamugwanya bose baramaramara. Ariko abandi bose bari banezerejwe cane n’ibitangaza yariko arakora.
Ishengero ribonye ivyo Pawulo akoze, bavuga n’amajwi arenga mu Kinyalukawoniya bati: “Imana zadushwayemwo zambaye imibiri y’abantu!”
Barabazanya bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza c’akataraboneka, kandi natwe ntitwobiharira.
Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.