Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 3:2
9 Iomraidhean Croise  

Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega.


Yesu agira ashike i Yeriko, hari impumyi yari yicaye ku nzira isegerereza.


Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabaza bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?”


ambarira ati: ‘Koruneliyo, Imana yumvise amasengesho yawe, kandi yibutse n’ibikorwa vyawe vy’imbabazi.


Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


I Lusitira hari umugabo yama yicaye kuko yari amugaye ibirenge. Yari yavutse amugaye, ntiyari yarigeze atambuka.


bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko.


Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan