Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 3:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Petero na Yohana bāriko baradūga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 3:1
27 Iomraidhean Croise  

Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, kugira ngo abe aragumanye na bo bonyene.


Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda.


Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.


Igihe co guturira ibimota neza kigeze, abari ngaho bose bariko basengera hanze.


“Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori.


Yesu abarira Petero na Yohana ati: “Nimugende mudutegurire ivyokurya vya Pasika.”


Imisi yose bama mu rusengero, bahimbaza Imana.


Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.


Umusi umwe, hari nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, yerekwa abona mu buryo bugarara umumarayika w’Imana yinjiye aho ari, akavuga ati: “Koruneliyo!”


Koruneliyo aramwishura ati: “Haciye imisi itatu, nari iwanje ndiko ndasenga, hari nk’igihe c’isaha icenda. Hanyuma mbona umuntu yambaye impuzu zikayangana ahagaze imbere yanje


Imisi yose bama bakoranira mu rusengero, bakamanyagurira imikate mu mihana yabo, bakongera bagasangirira hamwe bafise imitima ihuye kandi banezerewe.


Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega.


Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!”


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.”


Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan