Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 27:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye bg’aho dufata i Sidoni, Yuliyo agirira Paulo neza, amukundira kugendera abagenzi ngo bamuzimane.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 27:3
12 Iomraidhean Croise  

“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.


Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan