Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 26:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 kandi cane‐cane kuk’ uzi imigenzo n’impāri vyo mu Bayuda vyose: ni co gitumye nkwinginga ngo wihangane, unyumvirize.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 26:3
13 Iomraidhean Croise  

Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka.


Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: “Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe.


Ariko ntiriwe ndakwicisha amajambo, ndakwinginze utugirire ubuntu utwumvirize akanya gato.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


“Mwami Agiripa, ngiriwe ubuntu bwo guhagarara imbere yawe uno musi, niregura ku vyo nagirizwa n’Abayuda,


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan