Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 26:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 26:11
17 Iomraidhean Croise  

Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi.


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Ndababwire ukuri, ivyaha vyose abana b’abantu bakora n’ibitutsi vyose batuka Imana barashobora kubibabarirwa.


Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano.


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”


Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera.


Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.


Ico gihe Sawuli yari acuzuye inzigo, ahiga kwica abigishwa b’Umwami Yesu. Nuko aja ku muherezi mukuru,


Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?


Ariko yahanuwe n’indogoba (igikoko kitavuga) mu vyo yariko arakora bibi, aho yatura ikavugisha ijwi ry’umuntu maze igahagarika ubusazi bw’uwo muvugishwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan