Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 24:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 24:11
8 Iomraidhean Croise  

Bukeye Pawulo ajana natwe tuja kuraba Yakobo, kandi n’abandi bakuru b’ishengero ni ho bari bari.


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.


Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan