6 Tumaze gusezerana, duca twurira ubwato, na bo basubira iwabo.
6 Tumaze gusezerana dutambukira mu bgato, na bo basubira i wabo.
Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.
Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.
Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje.
abwira wa mwigishwa ati: “Ng’uwo umuvyeyi wawe.” Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Nuko inama ica irahera, bose barataha.
Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.