Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 21:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Bamwe mu bigishwa bavuye i Kayisariya turajana, bazana Umunyakupuro yitwa Munasona, yar’ umwigishwa wa kera, tuba ari we dusemberako.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 21:16
15 Iomraidhean Croise  

Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi.


mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,


Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.


Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro.


Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.


Ku musi ukurikira barashika i Kayisariya, kandi Koruneliyo yari abiteze, yari yakoranije incuti n’abagenzi biwe.


Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan