Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 21:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Tumaze gusezera abakuru bo muri Efeso no gutandukana na bo, duca twurira ubwato tuja i Kosi. Ku musi ukurikira tuja i Rodo, hanyuma tuvayo tuja i Patara.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Tumaze gutandukana na bo, no gutambukira mu bgato, turaramiriza tuja i Kosi: bukeye bg’aho dufata i Rodo, tuvayo dufata i Patara.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 21:1
8 Iomraidhean Croise  

Ahejeje kwigisha, abarira Simoni ati: “Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe.”


Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.


Ariko bene Data, tumaze gutandukana vy’akanya gato (ku bw’imibiri atari ku bw’imitima), twakoze uko dushoboye kwose kugira ngo tugaruke kubagendera kuko twari tubakumbuye cane.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan