Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 2:9
34 Iomraidhean Croise  

Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Kandi urudandazwa rwacu si rwo rwonyene ruzota agaciro, ariko n’ingoro y’imanakazi ihambaye Arutemi ntizosubira kwubahwa, ndetse na Arutemi, ari yo manakazi isengwa muri Aziya no kw’isi yose, izoba yambuwe icubahiro c’ubumana bwayo.”


Na bamwe mu batware b’iyo ntara, bari abagenzi ba Pawulo, bamutumako bamwinginga ngo ntahirahire ngo yinjire muri ico kibanza kiberamwo ibirori.


None bigenda gute ngo umwe umwe wese muri twebwe yumve bavuga ururimi kavukire rw’iwabo?


Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.


Bashitse, arababwira ati: “Murazi ingene nabanye namwe uhereye ku musi wa mbere nashikiye muri Aziya gushika uno musi.


ajana na Sopatero mwene Puro w’i Beroya, na Arisitariko na Sekundo b’i Tesalonike, na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, na Tukiko na Tirofimo bo muri Aziya.


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.


Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.


Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.


Amashengero yo muri Aziya arabatasha. Akwilasi na Pirisila na bo barabatasha cane mu Mwami, co kimwe n’ishengero rihurira mu nzu yabo.


Bene Data, twibaza ko mukwiye kumenya imibabaro twabayemwo muri Aziya. Twaciye mu makuba arengeye ayo twashobora kwihanganira, dutakaza ivyizigiro, gushika aho twibaza ko tutorokotse.


Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.


Jewe Petero, intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe abatoranijwe n’Imana mwashwiragiriye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bituniya.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan