Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 15:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 15:3
27 Iomraidhean Croise  

Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Abanyamahanga bavyumvise baranezerwa cane, bahimbaza Ijambo ry’Umwami Imana; abari baratoranirijwe ubugingo budashira, barizera.


Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera.


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Hari abantu bavuye i Yudaya baja muri Antiyokiya, bigisha abizera bati: “Mudakebwe nk’uko imigenzo twigishijwe na Mose ibitegeka, ntimushobora gukizwa.”


Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Yuda na Silasi, bari basanzwe ari abavugishwa n’Imana, bongera bababwira amajambo menshi yo kubatera intege no kubakomeza.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.


Icabababaje kurusha ibindi, ni uko yari yababwiye ko batazosubira kumubona ukundi. Nuko baca baramuherekeza gushika ku bwato.


Ariko iyo ndwi iheze, duca turabandanya urugendo. Bene Data bose, bari kumwe n’abagore n’abana, baraduherekeza kuva mu gisagara gushika ku nkengera y’ikiyaga. Tuhashitse, turapfukama turasenga.


Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.


Intumwa zari i Yerusalemu zumvise ko i Samariya abantu bakiriye ijambo ry’Imana, zica zibarungikira Petero na Yohana.


Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivyankenerwa kugira mbandanye urugendo.


Ntihazogire uwumugaya, ahubwo mumuhezagize ibikenewe mu rugendo rwiwe agarutse. Twe na bene Data tumurindiranye igishika.


Ndashobora kuzomarana namwe igihe, mbere nshobora kuhamara igihe c’imbeho nyinshi cane, kugira ngo muzomfashe ku bijanye no kubandanya urugendo, iyo nzoba ngiye hose.


Nari nateguye guca iwanyu ngiye i Makedoniya, nkongera nkahaca ngaruka, kugira mumfashe mu bikenewe ku rugendo rwanje nja i Yudaya.


Uze ukore ibishoboka vyose ufashe umucamanza Zena na Apolo nibafata urugendo, kugira ngo baronke ivyo bakeneye vyose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan