Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 13:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko bagendagenda iryo zinga ryose gushika bashitse i Pafo. Aho bahahuriye n’Umuyuda w’umunyamareba yigira umuvugishwa, yitwa Bari Yesu,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bararamiriza baca mur’ ico kizinga cose, bashika i Pafo, basangay’ umugabo w’umunyamarēba, umuraguzi w’ibinyoma, yar’ Umuyuda, izina ryiwe ni Bari‐Yesu;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 13:6
24 Iomraidhean Croise  

Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye.


Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bakore ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Nuko Yesu n’abigishwa biwe bashika i Yeriko, hanyuma bava muri ico gisagara bari kumwe n’isinzi ry’abantu. I ruhande y’inzira hari impumyi yitwa Barutimayo, mwene Timayo, yari yicaye asegerereza.


Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.


Ariko wa munyamareba Eluma (izina ryiwe ni ko risobanurwa mu Kigiriki), arabahaririza agomba guhuvya ukwizera kwa ca cariho ca Kayisari.


Kuko abo bantu si intumwa z’ukuri, ni ababeshi bigira intumwa za Kristo.


Nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose, ni ko n’abo bantu bagwanya ukuri. Ubwenge bwabo bwarapfuye, kandi ukwizera kwabo ni ukw’ubusa.


Bakundwa, ntimukizere abantu bose avuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan