Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 13:43 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

43 Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

43 Abāri mw isinagogi bamaze gusābagira, benshi mu Bayuda bo n’abātoye idini yabo bakubaha Imana, bakurikira Paulo na Barunaba; na bo bayāga na bo, barabahanūra ngo bashishikare kuguma mu buntu bg’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 13:43
39 Iomraidhean Croise  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!


Ashitseyo akibonerako ubuntu bw’Imana bwabaye kuri bo, aranezerwa cane, yongera arabinginga bose ngo bashishikare gukurikira Umwami n’imitima yabo yose.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.


Ariko bamwe mu bari aho baca bacika abigishwa ba Pawulo, barizera. Muri abo harimwo Diyonisiyo, umwe mu bagize inama Areyopago, umugore yitwa Damari, hamwe n’abandi.


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Nuko aca ava mw’isinagogi aja ku nzu yari i ruhande, kwa Titiyo Yusito, umuntu yubaha Imana.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.


Ivyo vyavuye ku buntu bw’Imana gusa, ntivyavuye ku bikorwa vyiza bakoze. Kuko, iyo biba vyavuye ku bikorwa vyiza bakoze, ubuntu bw’Imana ntibwoba bukibaye ubuntu vy’ukuri.


Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera nk’abagororotsi mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.


Nuko rero kuko tuzi ico ari co kwubaha Umwami, dukora ibishoboka ngo twemeze abantu. Ico turi kiragaragarira Imana, kandi nizera ko namwe kibagaragarira mu mitima yanyu.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Kristo yatubohoye kugira ngo aduhe umwidegemvyo. Hagarara mushikamye rero, ntimwongere kwemera umuntu n’umwe asubira kubaremereza imitwaro y’ubuja bw’ivyagezwe.


Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.


Ubuntu bwayo ni bwo bwabakijije ku bw’ukwizera. Kandi n’ivyo ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y’Imana.


Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Ni we twamamaza, tuburira kandi twigisha umuntu wese mu bwenge bwose, kugira ngo dushikane umuntu wese kuri Kristo, akuze mu buryo bw’impwemu ata co ahajije.


Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Ntimukemere kuzimizwa n’inyigisho z’ivyaduka z’uburyo bwose. Inkomezi z’imitima yanyu ziva mu buntu bw’Imana, ntiziva mu mategeko ajanye n’ivyokurya, kuko bidashobora gufasha ababikurikiza.


Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.


Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan