Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 13:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuko bavuyeyo batumwe na Mpwemu Yera bamanuka i Seleyukiya. Bavudukayo bari mu bgato bafata i Kupuro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 13:4
7 Iomraidhean Croise  

Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


Bahejeje kwisonzesha no gusenga, baca babarambikako ibiganza, barabarungika.


Haheze igihe, Pawulo abarira Baranaba ati: “Ingo dusubire mu bisagara twigishijemwo Ijambo ry’Imana, turabe ingene bene Data bifashe.”


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan