Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 12:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 12:4
22 Iomraidhean Croise  

Hanyuma bazobafata babahame, ndetse babice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.


Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Ico gihe hari hasigaye imisi ibiri ngo Umusi Mukuru wa Pasika n’Umusi Mukuru w’Imikate Itarimwo Umwambiro ishike. Kandi abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe bariko barondera akaryo ko gufata Yesu mu kinyegero kugira ngo bamwice.


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Petero aramwishura ati: “Mwami, nditeguye kujana nawe no gushika mw’ibohero, mbere no gupfana na we.”


Bahejeje kubamba Yesu, abasoda bafata impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umusoda wese atwara umuce, basigaza ikanzu yiwe. Iyo kanzu ntiyagira umubaririro, yari igizwe n’igitambara kimwe kuva hejuru gushika hasi.


Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”


Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.


Nuko Petero ashirwa mw’ibohero, ariko ishengero riguma risenga Imana n’umwete mwinshi ku bwiwe.


Bashikije ico wari waramaze kugena ko kizoshika, mu bushobozi bwawe no mu gushaka kwawe.


Baca bafata Petero na Yohana, kandi kubera bwari bwije, babashira mw’ibohero gushika bukeye.


Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan