Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 12:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hāri mu misi y’imitsima itambiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 12:3
18 Iomraidhean Croise  

Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, abigishwa baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tuguteguririra ivyokurya vya Pasika?”


kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”


Amaze kumufata, amushira mw’ibohero amuha imigwi ine y’abasoda bane bane bakuranwa kumurinda. Herode yagomba kuzomucira urubanza ku mugaragaro inyuma ya Pasika.


Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye.


Natwe tuva i Filipi inyuma y’imisi mikuru y’imitsima itarimwo umwambiro, tubasanga i Tirowa haheze imisi itanu, duca tuhamara imisi indwi.


Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.


Kubera Fesito yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.


Ariko, twabigisha nk’abantu bemewe n’Imana ikongera ikabazeza kuvuga Ubutumwa Bwiza. Ntituriko tugerageza kunezereza abantu, ariko dushaka kunezereza Imana, kuko ari yo isuzuma ivyiyumviro biri mu mitima yacu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan