3 bati: “Winjiye mu nzu y’abatakebwe, usangira na bo!”
3 bati Ko winjiriye abatākebge, ugasangira na bo!
Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”
Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.
Nuko Petero aca arabakira ngo barare ngaho. Bukeye Petero ajana na bo, aherekejwe na bamwe bo mu bizera b’i Yopa.
Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.
Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’
Nuko asaba ko bababatiza mw’Izina rya Yesu Kristo. Baca binginga Petero ngo amarane na bo imisi na mikeya.
Ahubwo nababwira kutifatanya n’uwigira mwene Data ariko ari umusambanyi, ingunge, asenga ibigirwamana, avuga nabi abandi, aborerwa, canke yiba. Umuntu nk’uwo ntimukwiye no gusangira ivyokurya.
Agishika, yasangira n’Abanyamahanga, batari barakebwe. Ariko abantu barungitswe na Yakobo bashitse, aca atangura kwigira kure kubera gutinya abo bo mu mugwi w’abakebwe.
Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.