Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Intumwa n’abandi bizera b’i Yudaya bumva ko Abanyamahanga na bo bakiriye ijambo ry’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 11:1
34 Iomraidhean Croise  

Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu ntara ya Yudaya, ku ngoma y’umwami Herode, abanyabwenge mu vy’inyenyeri bavuye mu buseruko baja i Yerusalemu.


Ndababwira ko abantu benshi bazoza, bamwe bavuye mu buseruko abandi mu burengero, bahabwe ivyicaro mu mazimano hamwe na Aburahamu, Isaka na Yakobo mu Bwami bw’ijuru;


Binjiye mu mva, babona umuntu asa n’umusore yambaye ikanzu yera cane, yicaye ku ruhande rw’i buryo, maze bagira ubwoba.


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Nuko abigishwa bo muri Antiyokiya, bivanye n’ico umwe umwe wese ashoboye, bafata ingingo yo kurungikira imfashanyo abizera b’i Yudaya.


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira kw’Isoko rya Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu z’Ingenzi Zitatu. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan