Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 1:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Umusi umwe, abigishwa bakoraniye hamwe, Yesu abaha iri tegeko ati: “Ntimuve i Yerusalemu, ariko murindire gushika Data abarungikiye ingabire yabasezeraniye, imwe nababwira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 1:4
14 Iomraidhean Croise  

kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.


Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”


Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”


Ehe ngiye kubarungikira ingabire Data yasezeranye, ariko mugume mu gisagara gushika muhawe ubushobozi buvuye mw’ijuru.”


Nanje nzosaba Data abahe uwundi Mwitsa azobana namwe ibihe vyose,


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


Ahejeje kuvuga ivyo, abahumekerako, arababwira ati: “Nimwakire Mpwemu Yera.


Aho Yesu yashaka kuvuga kuri Mpwemu Yera, uwo abamwizera bari bagiye guhabwa. Gushika ico gihe Mpwemu Yera ntiyari bwatangwe, kuko Yesu atari bwashike mu bwiza bwiwe.


Ntiyabonywe na bose, kiretse twebwe abo Imana yari yaratoranije nk’ivyabona, twasangiye na we amaze kuzuka mu bapfuye.


None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan