Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyakozwe 1:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko baca bava kuri uwo Musozi wa Elayono, basubira i Yerusalemu; ni urugendo rungana hafi ikilometero kimwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y’i Yerusalemu nk’urugendo rwemewe kugendwa kw’ isabato.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyakozwe 1:12
10 Iomraidhean Croise  

Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere,


Musenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuze kube mu gihe c’imbeho nyinshi cane canke ku musi w’Isabato.


Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?”


Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono.


Yegereje i Betifage n’i Betaniya ku Musozi wa Elayono, atuma babiri mu bigishwa biwe, ababwira ati:


Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,


Maze Yesu aca abajana inyuma y’igisagara, hafi y’i Betaniya, aramvura amaboko arabahezagira.


Baca barapfukama baramusenga, hanyuma basubira i Yerusalemu buzuye umunezero mwinshi.


Betaniya hari hafi y’i Yerusalemu, nko ku birometero bitatu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan