Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 9:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 9:2
16 Iomraidhean Croise  

Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru n’ibimenyetso hasi kw’isi: amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo,


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe, nca mbona inyenyeri ikorokeye hasi ivuye kw’ijuru. Iyo nyenyeri ica ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kijana i kuzimu.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan