Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 8:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 8:5
24 Iomraidhean Croise  

Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba amapfa n’ukunyiganyiga kw’isi.


Naje kwatsa umuriro kw’isi; ese iyo uba umaze kwaka!


Ubwo nyene haba nyamugigima ikomeye cane, inyiganyiza amatanguriro y’ibohero. Imiryango y’ibohero iriyugurura, iminyororo yari iboshe imbohe zose izivako.


Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,


Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan