Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 8:13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 8:13
12 Iomraidhean Croise  

Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Ico cari icago ca kabiri kirangiye, ariko ica gatatu cagira gishike.


None rero nimunezerwe mwa majuru, hamwe namwe ibiyabamwo mwese. Ariko haragowe isi n’ibiyaga, kuko wa mubi yabikororewemwo! Yuzuye uburake bwinshi, kuko azi ko asigaje igihe gito.”


Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.


Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.


Nongera mbona umumarayika yari ahagaze mu zuba, asemerera n’ijwi rirenga abwira ibisiga biguruka mu kirere ati: “Nimuze, mukoranire ku mazimano ahambaye y’Imana,


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


Umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe, nca mbona inyenyeri ikorokeye hasi ivuye kw’ijuru. Iyo nyenyeri ica ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kijana i kuzimu.


Icago ca mbere kiraheze. Ariko hari bibiri bigiye kuza vuba.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan