Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 8:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 8:1
14 Iomraidhean Croise  

Baca baragenda bashira ikimenyetso ku kibuye cugaye imva, hanyuma bashiraho abasoda bo kuyicunga.


Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,


Yuguruye ica kabiri, nca numva ikinyabugingo ca kabiri kivuze giti: “Ingo!”


Yuguruye ica gatatu, nca numva ikinyabugingo ca gatatu kivuze kiti: “Ingo!” Haca haza ifarasi yirabura. Uwayigenderako yari afise iminzane ibiri mu minwe.


Yuguruye ica kane nca numva ikinyabugingo ca kane kivuze kiti: “Ingo!”


Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan