Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 7:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 7:9
41 Iomraidhean Croise  

Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye.


Ni co gituma mu muntu umwe, uwasa n’uwapfuye, havuyemwo uruvyaro rwinshi nk’inyenyeri zo kw’ijuru, rudaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera z’ikiyaga.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


Nongeye kuraba kandi, nca numva amajwi y’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bakikuje ya ntebe y’inganji, n’aya vya binyabugingo, na ba bashingantahe,


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.


mu wa Zabuloni bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Yosefu bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Benyamini bari ibihumbi cumi na bibiri.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan