Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 7:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nca mbona uwundi mumarayika avuye i burasirazuba, afise ikimenyetso c’Imana nzima. Aca arasemerera abwira ba bamarayika bane bahabwa ububasha bwo kwonona isi n’ikiyaga ati:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 7:2
29 Iomraidhean Croise  

Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.


Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.


Iyo mituragaro indwi imaze kuvuga, nca mfata ikaramu ngo nandike. Ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ivyo iyo mituragaro indwi yavuze, ubigire ibanga, ntuvyandike.”


Umumarayika wa gatandatu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu ruzi runini Efurata, amazi yarwo aca arakama, kugira ngo abami bo mu buseruko baronke aho bacisha ingabo zabo.


Nongera mbona n’umumarayika w’inkomezi asemerera n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwu muzingo w’igitabu no kuwugurura?”


Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.


ribwira wa mumarayika wa gatandatu yari afise inzamba riti: “Rekura abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurata.”


Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan