Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 7:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 bavuga bati: “Amen! Guhimbazwa, ubwiza, ubwenge, amashimwe, icubahiro, ububasha n’inkomezi, bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose. Amen!”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 7:12
27 Iomraidhean Croise  

Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Vyose ni yo ibitanga, bibeshejweho n’ubushobozi bwayo kandi biriho kugira ngo biyiheshe icubahiro. Icubahiro cose kibe icayo ibihe vyose! Amen.


Nimwaba muriko muratazira Imana n’impwemu zanyu zonyene, abatabitahura bokwifatanya namwe gute, bakavuga “Amen” ku bw’amashimwe yanyu, kandi batumva ivyo muvuga?


Imibabaro yose ducamwo ni ku bwanyu, kugira ngo ubuntu bw’Imana buriko burashikira benshi butume amashimwe asesekara, maze Imana ihabwe icubahiro.


mushinze imizi kandi mwubatswe neza muri we, mukomeye mu kwizera nk’uko mwigishijwe, kandi amashimwe yanyu ari menshi asesekaye.


Kandi ivyo mukora vyose, mu mvugo no mu ngiro, mubikore mw’izina ry’Umwami wacu Yesu, mushima Imana Data wa twese ku bwiwe.


Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan