Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 7:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo mbona abamarayika bane bahagaze mu mpande zine z’isi, batangiriye imiyaga ine yo kw’isi, kugira ngo babuze umuyaga guhuhuta kw’isi canke ku kiyaga canke ku biti.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 7:1
23 Iomraidhean Croise  

Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba isamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.


Azotuma abamarayika biwe bakoranye abatoranijwe na we babakuye ku mpera zine z’isi, kuva aho itangurira gushika aho amajuru aherera.


hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.


Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze kiti: “Ikiro kimwe c’ingano kizogurwa impembo y’umusi wose, ibiro bitatu vya sayiri bizogurwa impembo y’umusi wose. Ariko ntihagire ico mugira amavuta n’umuvinyu.”


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


Umumarayika wa mbere avugije inzamba yiwe, urubura n’umuriro bivanze n’amaraso bica bisukwa kw’isi. Maze ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti n’ica gatatu c’ivyatsi birasha.


ribwira wa mumarayika wa gatandatu yari afise inzamba riti: “Rekura abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurata.”


Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan