Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 6:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 6:10
33 Iomraidhean Croise  

“Ubu rero, Mwami Imana, nk’uko wansezeraniye, urasezeye umusavyi wawe amahoro.


Kuko iyo misi izoba ari iy’ukwihora kw’Imana, kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Abo nkunda, ntimukihore uwubagiriye nabi, ariko mubirekere uburake bw’Imana, kuko handitswe ngo: “Uguhora ni ukwanje, ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.”


Mwegereye Yesu, umuhuza w’isezerano rishasha riri hagati y’Imana n’abantu, kandi mwegereye amaraso aduhumanura, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana n’Umwami Nyeninganji yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana, hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan