Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 5:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 5:6
35 Iomraidhean Croise  

Iduhagurukirije Umukiza ahambaye mu nzu ya Dawidi, umusavyi wayo


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”


Iyo nkone yariko isoma Ivyanditswe bivuga ngo: “Yatwawe nk’intama ijanwa kubagwa, atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya, ntiyigera akurako umunwa.


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Nta rusengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umwami Imana Mushoboravyose n’Umwagazi w’intama ari bo rusengero rwaho.


Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Nongeye kuraba kandi, nca numva amajwi y’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bakikuje ya ntebe y’inganji, n’aya vya binyabugingo, na ba bashingantahe,


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama,


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan