Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 5:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Maze umwe muri ba bashingantahe arambwira ati: “Reka kurira! Ehe, intambwe yo mu muryango wa Yuda, uwukomoka mu muryango wa Dawidi, yaranesheje. Ni we abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwo muzingo w’igitabu no kuwugurura.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 5:5
25 Iomraidhean Croise  

Yesu arahindukira arababarira ati: “Bakobwa b’i Yerusalemu, nta co mundirira. Nimwiririre mwebwe, muririre n’abana banyu.


Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”


Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.”


Baramubaza bati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira?” Arabishura ati: “Batwaye Umwami wanje, kandi sinzi aho bamushize.”


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Ahandi na ho Yesaya yavugishijwe ati: “Uwukomoka kuri Isayi azoza; azohaguruka kugira ngo aganze amahanga; muri we ni ho Abanyamahanga bose bazoshira ivyizigiro.”


Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


Nca ndarira cane kuko ata n’umwe abonetse abereye kwugurura uwo muzingo w’igitabu canke ngo asome ibiri muri wo.


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Umwe muri ba bashingantahe aca ambaza ati: “Aba bambaye amakanzu yera ni ba nde kandi bavuye he?”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan