Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 4:9
20 Iomraidhean Croise  

Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


Abaherezi bakira ica cumi ni abantu bapfa, ariko Melekisedeki we Ivyanditswe bivuga ko yamaho.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!


Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama,


Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan