Ivyahishuwe 4:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe4 Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo. Faic an caibideilBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)4 Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu. Faic an caibideil |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.