Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 3:10
30 Iomraidhean Croise  

Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.


Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa, bitume yama yibukwa.”


Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.


Narakumenyekanishije ku bo wampaye ubakuye mw’isi. Bari abawe urabampa, kandi bumviye ijambo ryawe.


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


Nuko rero mwambare ibigwanisho vyose vy’Imana, kugira ngo ku musi ikibi caje, muze mushobore guhagarara mudatsinzwe kandi mumaze gukora vyose, mukomeze guhagarara mushikamye.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Bene Data, mbega umusukoni wokwama ivyamwa vya elayo, canke uruzabibu rwokwama insukoni? Ntibishoboka, uko ni ko n’isoko y’amazi arura idashobora kuvamwo amazi meza.


Bakundwa, ntimutangazwe n’uko muri mu muriro wo kubagerageza, nk’aho womenga mushikiwe n’ikintu kidasanzwe.


Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Ni co gituma abera b’Imana, bubaha amabwirizwa yayo bakaguma mu kwizera Yesu, bakwiye kwihangana cane.


Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.


Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.


Abami b’isi bose basambanye na we, kandi ababa kw’isi bose baborejwe n’umuvinyu w’ubusambanyi bwiwe.”


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.


Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan