Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 22:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko arambarira ati: “Ntugakore ivyo. Ntukansenge kuko nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So b’abavugishwa, ndetse n’abo bose bumvira amajambo ari muri uwu muzingo w’igitabu. Usenge Imana yonyene!”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 22:9
19 Iomraidhean Croise  

Aramubwira ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfukama ukansenga.”


Niwapfukama ukansenga, ivyo vyose biraba ivyawe.”


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”


Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Yongera ambarira ati: “Aya majambo y’ubuvugishwa ntuyanyegeze kuko igihe kiri hafi.


Ndaburiye umuntu wese yumva amajambo y’ubuvugishwa yo muri uwu muzingo w’igitabu: Nihagira uwugira ico yongeye ku vyanditswe muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izokwongera ku vyago vyiwe, ivyago bicanditsemwo.


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Ariko abasigaye batishwe n’ivyo vyago ntibihanye ibikorwa vyabo bibi bakoze n’amaboko yabo; ntibahevye gusenga abadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mujumbu, mu mabuye no mu biti, bitabona, bitumva canke ngo bitambuke.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan