Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 22:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Jewe Yohana, ni jewe niyumviye aya majambo, nibonera n’ivyo vyose. Maze kuvyiyumvira no kuvyibonera, nca nikubita imbere ya wa mumarayika nubamye ngo ndamusenge.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Mmaze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y’ibirenge vy’umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 22:8
6 Iomraidhean Croise  

Ariko Petero aramubwira ati: “Haguruka kuko nanje ndi umuntu nka we.”


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo zikoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan