Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 22:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 “Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 22:12
19 Iomraidhean Croise  

Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.


Ibikorwa vyiwe nivyarama, azohabwa impera.


Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.


Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan