Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 22:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 22:1
30 Iomraidhean Croise  

Kandi nimba Imana igira ihabwe icubahiro muri we, na yo igiye kumuha icubahiro vuba.


Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.


ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


None rero, amaze gushika i buryo bw’Imana, yakiriye Mpwemu Yera, uwo Data yari yarasezeranye, hanyuma asuka ivyo muriko murabona kandi mwumva.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa Yasipi, kibonerana nk’ikiyo.


Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan