Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:7
26 Iomraidhean Croise  

Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.


Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.


Yesu afashe urugendo rwiwe aja i Yerusalemu, haza umuntu yiruka aja iyo ari, apfukama imbere yiwe, aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo nze ndagwe ubugingo budashira?”


Abarongorwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana;


kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.


Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


Kandi, “Nzobabera So, namwe muzombera abahungu n’abakobwa, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.”


Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeli inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo, ndavyandike mu mitima yabo. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan