Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:2
28 Iomraidhean Croise  

Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.


Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.


Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu ico mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Ariko mwebwe mwegereye Umusozi Siyoni, igisagara c’Imana nzima, Yerusalemu yo mw’ijuru, aho abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bama bakoraniye mu munezero.


kuko hano kw’isi tutahafise igisagara camaho, ariko turiko turondera igisagara kizoza.


Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji,


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan