Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:10
17 Iomraidhean Croise  

Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko ibandanya urugendo inezerewe cane.


Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan