Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 21:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 21:1
13 Iomraidhean Croise  

ko na vyo nyene bizobohorwa bikava mu buja bwo kubora, bigahabwa ku bwiza n’umwidegemvyo vy’abana b’Imana.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.


Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan