Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 20:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 20:2
31 Iomraidhean Croise  

Kandi nta muntu n’umwe yasize inzu, canke abavukanyi, canke se, canke nyina, canke umugore, canke abana, canke amatongo kubera izina ryanje, atazobishumbushwa incuro ijana kandi akaragwa n’ubugingo budashira.


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Abantu bamwe bafise imitima imeze nk’i ruhande y’inzira. Bagiheza kwumva iryo jambo, Satani araza akiba iryo jambo ritewe mu mitima yabo.


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”


Igihe co gucira iyi isi imanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.


Ku bijanye n’urubanza, barihenda kuko umutware w’iyi si yamaze gutsindwa n’urubanza.


Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.


Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.


Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Ca gisato kimaze kubona ko cakororewe kw’isi, gica gikurikirana wa mugore yavyara wa mwana w’umuhungu.


Ca kiyoka kigerageza gusuka uruzi runini ruva mu kanwa kaco kugira ngo wa mugore atwarwe.


Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Umurizo waco uhungurura ica gatatu c’inyenyeri zo kw’ijuru zikorokera kw’isi. Maze ca gisato gica gihagarara imbere ya wa mugore yagira yibaruke kugira ngo gice kimira uwo mwana akivuka.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Ico gikoko casa n’ingwe, ariko kikagira ibinono nk’ivy’idubu n’umunwa nk’uw’intambwe. Ca gisato gica giha ububasha bwaco ico gikoko, kigiha n’intebe y’inganji n’ubutware buhambaye.


Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Ya myaka igihumbi iheze, Satani azorekurwa ave mw’ibohero ryiwe,


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan