Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 20:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 20:11
27 Iomraidhean Croise  

Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.


Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.


Amazinga yose aranyika, n’imitumba yose ntiyaba ikiboneka.


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe.


Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan