Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 2:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 2:5
34 Iomraidhean Croise  

Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.


Ni ko bimeze no kw’itara, nta woridomeka ngo ace aryubikako igiseke. Ahubwo arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abari mu nzu bose.


None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza azobagira gute? Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.


Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”


Azoza yice abo barimyi, maze urwo ruzabibu aruzeze abandi.” Abantu bavyumvise, baca bavuga bati: “Ivyo ntibikabe.”


Kuko iyo mugerageza kurondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi mu kwitondera ivyagezwe, muba mutandukanijwe na Kristo, muba mutakariye kure y’ubuntu bw’Imana.


kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.


Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.


Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.


Abantu bose baturirwa n’ubushuhe buteye ubwoba; baca batuka izina ry’Imana yo ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ariko ntibihana ivyaha vyabo ngo bagaruke ku Mana bayihe icubahiro.


None rero niwihane. Ahandi ho nzoza vuba kukugwanya nitwaje inkota yo mu kanwa kanje.


Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ukwitanga kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko ibikorwa vyawe vy’ubu biruta mu bwinshi ivyo wakora mu ntango.


Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan