Ivyahishuwe 2:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe26 Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga. Faic an caibideilBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 Ūnesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga: Faic an caibideil |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.