Umwe muri bo yitwa Agabo, arahaguruka, yuzuye Mpwemu Yera, avuga ko ikigoyi kizotera mu bwami bw’Abaroma bwose. (Ivyo vyahavuye bishika ku ngoma ya Kilawudiyo.)
Ni co gituma mudakwiye guca urubanza igihe co guca imanza kitaragera; nimurindire gushika Umwami Yesu agarutse. Ni we azonyegurura ivyanyegejwe mu mwijima, yongere ashire ahabona ivyiyumviro vyo mu mitima y’abantu. Aho ni ho umuntu wese azohabwa n’Imana ishimwe rimukwiye.